Imyaka 60 inyuma yaho, Abarundi bibutse igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore

Umuganwa Rwagasore yagandaguwe afise imyaka 29 n'amezi icenda
Insiguro y’isanamu,Umuganwa Rwagasore yagandaguwe afise imyaka 29 n’amezi icenda

Hari kuwa gatanu kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kw’icumi 1961 uko umwaka utashe, Abarundi baribuka urupfu rw’umuganwa Ludoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira kw’u Burundi.

Rwagasore yagandaguwe afise imyaka 29 n’amezi icenda, haciye iminsi idashika ukwezi umugambwe UPRONA yari abereye umuhanuzi mukuru utsinze amatora yashikanye u Burundi ku ntahe y’ukwikukira.

Rwagasore ntiyashoboye kubona ingene igihugu yaseseye amaraso cashikirijwe intahe y’ukwikukira, inyuma y’imyaka irenga 40 Ababirigi bari bamaze bagikoloniza.

Rwagasore yagandaguwe arashwe aho yariko afata amafunguro kuri Hotel Tanganyika i Bujumbura.

Bivugwa ko uwamurashe ari umugiriki witwa Jean Kageorgis yari kumwe n’Abarundi batatu bo mu mugambwe wari ushigikiwe n’Ababiligi PDC.

Uko ari bane barahagaritswe bavuga ko babitumwe na bamwe mu bategetsi bakuru bo muri PDC.

Mu 2019, BBC yaganiriye na Zénon Nicayenzi, yabaye umunyamabanga wo kwivuna abansi wa mbere kuva u Burundi bwikukiye, hamwe na Aloys Batungwanayo, umushakashatsi mu vya kahise.

Batubariye ibijanye n’urugamba rwa Rwagasore rw’ukurondera intahe y’ukwikukira hamwe n’ivyaranze u Burundi, inyuma y’igandagurwa rya Rwagasore.

Kw’igenekerezo rya 04/10/1958, ku mutumba wa Ndago i Muramvya, Rwagasore yakoranije isinzi ry’Abarundi bava mu mihingo itandukanye y’igihugu, akabashikiriza imigabo n’imigambi y’umugambwe w’Abadasigana UPRONA.

Uburundi bwari bwinjiye mu rukurikirane rw’ibindi bihugu vya Afrika vyariko birashinga imigambwe mu ntumbero y’ukurondera intahe y’ukwikukira.

Nicayenzi na Batungwanayo bavuze ko urugamba rutari rworoshe, ko leta mbirigi yari irongowe na Jean-Paul Harroy ibonye ubutwari bwa Rwagasore mu vyo yoyo yafata nk’ukugumura Abarundi, ntaco itakoze ngo imuburabuze.

Burundi

Batungwanayo yagize ati: “Jean-Paul Harroy yaciye ashinga itegeko rivuga ko abantu bo mu nda y’ingoma, gushika ku ba kabiri, ni ukuvuga abana, abuzukuru n’abahungwabo, badashobora kuja mu nzego nkuru nkuru z’umugambwe”.

Niko Rwagasore atigeze arongora umugambwe kuko abo bari basangiye urugamba baciye bamugira umuhanuzi mukuru w’umugambwe UPRONA.

Kuva igenekerezo rya 27 ry’ukw’icumi gushika 9 z’ukw’icumi na kabiri mu 1960, Rudoviko Rwagasore yapfunzwe ic’amaso, imbere y’amatora y’amakomine yari yateguwe hagati mu kwezi kw’icumi na kumwe.

Umugambwe PDC wari ushigikiwe n’Ububirigi ni wo watsinze ayo matora.

‘Ahavuye umugabo ntihasigare umugayo, nta mugabo aba yariho’

Umugambwe UPRONA watsinze amatora y’abashingamateka ku majwi 80 kw’ijana, amatora yari yateguwe ku wa 18 z’ukwezi kw’icenda 1961.

Ayo matora yari acungerewe n’ishirahamwe ONU.

Iyo ntsinzi yatumye ku wa 29 z’uko kwezi nyene ahabwa amabanga yo kuba umushikirangoma wa mbere no gushinga leta nshasha yategerezwa gutegura ukwikukira kw’u Burundi.

Haciye iminsi mike ashinze leta, umuganwa Rwagasore yagandaguwe ku wa 13 z’ukwezi kw’icumi 1961.

Kuva ico gihe umugambwe UPRONA waragize ibibazo, vyagize ingaruka mbi k’u Burundi.

Ni nk’indyane zagiye zibonekeza mu gihugu hagati y’Abahutu n’Abatutsi.

Ku bwa Zénon Nicayenzi, u Burundi bwarabuze uwari gusubirira umuganwa Rwagasore mu gushira mu ngiro imigabo n’imigambi y’umugambwe UPRONA.

Yabwiye BBC ati: “Vyari bigoye mu mwaka wa 1961 ko hagira uwundi muntu yoba yari iruhande yiwe afise ivyiyumviro nk’ivyiwe. Ahavuye umugabo ntihasigare umugayo, nta mugabo aba yariho”.

Mbega UPRONA ni yo yokwagirizwa amabi yashikiye Uburundi inyuma y’ukwikukira?

Mu gihe hari Abarundi babona ko amagume igihugu cagiye kiracamwo yavuye ku burongozi bw’umugambwe UPRONA Rwagasore amaze kugandagurwa, Bwana Nicayenzi wewe si ko abibona.

Abona ko indyane zakurikiye u Burundi bumaze kwikukira zavuye kuri politike mbi y’ugucanishamwo, abakoloni bazanye mu bihugu vy’u Burundi n’u Rwanda.

Ati: “Ivyabaye mu Burundi vyatumwe n’intwaro y’abakoloni b’Ababirigi yacanishamwo abanyagihugu mu bihugu batwara, bikaba vyatanguye kugira ingaruka mu gihugu c’u Rwanda mu mwaka wa 1959, bituma hari Abarundi bipfuje gukora nk’u Rwanda”.

Mu mwaka wa 1959 mu gihugu kibanyi c’u Rwanda, hari abo mu bwoko bw’Abahutu basenyuye intwaro ya cami.

Abo mu bwoko bw’Abatutsi barokotse ubwicanyi, bahungiye mu bihugu bibanyi.

Nicayenzi yavuze ko ivyabaye mu Rwanda vyagize ingaruka ku Burundi.

Yibwira ko iyo umuganwa Rwagasore atagandagurwa, ivyabaye mu Rwanda bitari kuba mu Burundi.

Yishimikiza ku mvugo ya Rwagasore ati: “Jewe ndashobora guhagarika amagorwa ashobora gushikira Uburundi”.

Kubwa Nicayenzi rero, mu gihe abakoloni bobo babona ko aramutse akuyemwo akarenge bari gushobora gushika ku ntego yabo, iyo nayo kukaba kwari ugucanishamwo Abarundi.

Batungwanayo nawe ati: “Abasubiriye Rwagasore ntibashoboye gushira mu ngiro imigabo n’imigambi y’umugambwe UPRONA Rwagasore yari yashingiyeko, iyo nayo ikaba yari ishingiye ku kurandurana n’imizi ikumira iryo ari ryo ryose ryari ryazanywe n’abazungu”.

Umuganwa Louis Rwagasore yishwe atarakwiza imyaka 30
Insiguro y’isanamu,Umuganwa Louis Rwagasore yishwe atarakwiza imyaka 30

Kubw’iwe, umugambwe UPRONA waciye utangura guta “intumbero muhuza w’Abarundi” yari yahawe na Rwagasore n’abo bari bafatanije gushinga uwo mugambwe.

Umushakashatsi Batungwanayo avuga ko igandagurwa ryiwe ryatumye umugambwe UPRONA uhura n’ibibazo bikomeye, vyagize ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu.

Ata n’imyaka ihaciye Rwagasore agandaguwe, umugambwe UPRONA wacitsemwo amashami abiri mu mwaka w’1962.

Ishami rimwe ryari rizwi nka ‘Casablanca’ ryari rihurikiyemwo abari bafise ivyiyumviyo vya gikomunista, ni ukuvuga intwaro y’Abarusiya.

Bwana Batungwanayo akavuga ko ryari rirwiriyemwo ubwoko bw’Abatutsi.

Irindi ryari ‘Monronvia’ ryari rihurikiyemwo abagendera ku vyiyumviro vy’aba capitaliste, ni ukuvuga intwaro y’abo mu Burengero bw’isi muri Amerika na Bulaya, rikaba ryari rigwiriyemwo Abahutu.

Avuga ko iyo yabaye intango y’umugera w’amacakubiri hagati y’Abatutsi n’Abahutu kunyengetera mu Barundi, batangura kwicana bapfuye ubwoko vyagiye kwibonekeza cane cane kuva mu mwaka wa 1965.

Bwana Batungwanayo avuga ko ibintu vyagiye kwunyuka kuva mu mwakwa wa 1966, aho UPRONA yigaruriwe n’igisirikare kimaze gutembagaza intwaro.

Ati: “Kuva mu 1966, intwaro za gisirikare zakoresheje umugambwe UPRONA, wagiye kuboneka ko ari igikoresho c’abari ku butegetsi bava ahanini mu ntara imwe”.

Ugutsindwa kwa UPRONA mu 1993

Mu mwaka wa 1993, Uburundi bwasubiye mu ntwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, inyuma y’imyaka y’intwaro y’umugambwe umwe – UPRONA -, kuva mu 1966.

Mu matora yo ku wa 01 z’ukwa gatandatu, uyo mugambwe watsinzwe n’umugambwe FRODEBU wari urongowe na Melchior Ndadaye.

Ku bwa Nicayenzi, “Intsinzi ya FRODEBU yo mu mwaka wa 1993, yabaye intsinzi y’abantu bavuga bati ‘twaranizwe reka twikureko uyu mugambwe'”.

Arongera akababazwa n’ivyakurikiye igandagurwa rya Perezida Ndadaye, naryo nyene ryerekana kubw’iwe, ko “Abarundi bataye intumbero ya Rwagasore”.

Ku bwa Batungwanayo, ugutsindwa kw’umugambwe w’abadasigana UPRONA kwatumwe n’uko wagiye uritirirwa amahano u Burundi bwaciyemwo.

Abisigura afatiye ko wari umugambwe umwe, kandi ariwo watanga intumbero y’ubutegetsi.

Ati: “Ugiye gusoma mu mabwirizwashingiro yo mu Burundi, bandika ngo: ‘umugambwe UPRONA ni umwe rudende utanga intumbero leta igenderako'”.

Aremeza ko leta zagiye zirakurikirana hari ibintu vyinshi vyiza zagiye zikora.

Ariko ko n’Abarundi bagiye baricwa. Afatira ku bwicanyi bwabaye nko mu myaka ya 1965, 1969, 1972, 1988 na 1993.

Ati: “Ni ukuvuga ko uyo mugambwe wagize kahise kababaje ku buryo mu 1993 haje uwundi mugambwe, Abarundi batari bake bagize bati ‘harageze ko twikurako uwo mugambwe'”.

“Baciye bawikurako kubera witirirwa amabi yose yagiye araba mu gihugu, ari wo uri k’ubutegetsi”.

263 thoughts on “Imyaka 60 inyuma yaho, Abarundi bibutse igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore

  1. 435458 213862Thanks – Enjoyed this post, can you make it so I receive an email when you make a fresh post? From Online Shopping Greek 553082

  2. 226579 292909Aw, it was a extremely very good post. In notion I would like to devote writing such as this furthermore,?C spending time and specific work to produce an excellent write-up?- nonetheless so what can I say?- I waste time alot and never at all appear to obtain 1 thing completed. 881377

  3. 457448 742241Ive been absent for a while, but now I remember why I used to love this website. Thank you, I will try and check back a lot more often. How frequently you update your internet site? 335184

  4. 578738 961040Greetings! This is my 1st comment here so I just wanted to give a quick shout out and let you know I genuinely enjoy reading by means of your blog posts. Can you recommend any other blogs/websites/forums that deal with exactly the same topics? Thank you so much! 970282

  5. 380340 862598Hey. Really nice internet web site!! Man .. Excellent .. Amazing .. Ill bookmark this web web site and take the feeds alsoI am happy to locate so a lot useful information here within the post. Thanks for sharing 326744

  6. 522051 981617Oh my goodness! a wonderful post dude. Thanks a good deal Nevertheless I is going to be experiencing trouble with ur rss . Dont know why Not able to sign up for it. Is there every person acquiring identical rss concern? Anybody who knows kindly respond. Thnkx 192642

  7. 548212 469982Hiya! Wonderful weblog! I happen to be a day-to-day visitor to your site (somewhat a lot more like addict ) of this site. Just wanted to say I appreciate your blogs and am looking forward for a lot more to come! 121772

  8. 595184 455242You might discover two to three new levels inside L . a . Weight loss and any one someone is incredibly essential. Initial stage might be real melting away rrn the body. shed weight 825609

  9. I’m writing on this topic these days, baccarat online, but I have stopped writing because there is no reference material. Then I accidentally found your article. I can refer to a variety of materials, so I think the work I was preparing will work! Thank you for your efforts.

  10. 455838 407798My California Weight Loss diet invariably is an cost effective and versatile staying on your diet tv show created for individuals who uncover themselves planning to drop extra pounds and furthermore ultimately keep a significantly healthier habits. la weight loss 503076

  11. 262950 815152Hey, you used to write fantastic, but the last couple of posts have been kinda boringK I miss your excellent writings. Past few posts are just a bit out of track! come on! 627018

  12. I’d need to verify with you here. Which is not something I usually do! I get pleasure from reading a submit that will make individuals think. Additionally, thanks for permitting me to remark!

  13. I blog quite often and I seriously appreciate your information. This article has truly peaked my interest. I am going to take a note of your blog and keep checking for new details about once a week. I subscribed to your Feed as well.

  14. Thanks for every other informative blog. The place else could I am getting that kind of info written in such an ideal way? I have a mission that I am simply now working on, and I’ve been at the look out for such information.

  15. Thanks , I have recently been searching for information about this topic for ages andyours is the best I have discovered so far. But, what about the conclusion?Are you positive in regards to the supply?

  16. Heya! I’m at work surfing around your blog from my new iphone 4! Just wanted to say I love reading your blog and look forward to all your posts! Keep up the fantastic work!

  17. Aw, this was an incredibly nice post. Spending some time and actual effort to create a really good articleÖ but what can I sayÖ I put things off a whole lot and never manage to get nearly anything done.

  18. Aw, this was a very nice post. Spending some time and actual effort to produce a very good articleÖ but what can I sayÖ I put things off a lot and don’t seem to get nearly anything done.

  19. Only a smiling visitor here to share the love (:, btw outstanding style and design. „Better by far you should forget and smile than that you should remember and be sad.” by Christina Georgina Rossetti.

  20. I just like the helpful information you provide in your articles. I will bookmark your blog and take a look at once more here regularly. I’m reasonably certain I’ll be informed many new stuff right right here! Best of luck for the next!

  21. Excellent post. I was checking continuously this blog and I’m impressed! Extremely useful info specifically the last part ? I care for such information a lot. I was seeking this certain information for a very long time. Thank you and good luck.

  22. A fascinating discussion is definitely worth comment. I do think that you ought to publish more about this subject, it might not be a taboo subject but generally folks don’t speak about these issues. To the next! Many thanks!!

  23. ได้เงิน?เยอะกว่าที่อื่นแน่นอน?เว็บเดียวครบ บอล หวย คาสิโน สล็อต♥️สมัครง่าย เร็ว ทำรายการได้24ชั่วโมง

  24. Thanks , I have just been searching for info approximately tnis topic for a while and yours is the greatest I’vefound out so far.But, what in regards to the conclusion? Are you certain concerning the source?

  25. Howdy! This post couldn’t be written any better! Reading this post reminds me of my previousroom mate! He always kept chatting about this.I will forward this write-up to him. Pretty sure he will have a good read.Thanks for sharing!

  26. I do not even know how I ended up here, but I thought thispost was good. I do not know who you are but definitely youare going to a famous blogger if you are notalready ? Cheers!

  27. Chaga mushroom tea leaf is thought-about any adverse health elixir at Spain, Siberia and plenty of n . Countries in europe sadly contains before you go ahead significantly avoidable the main limelight under western culture. Mushroom

  28. Aw, this was a very nice post. In idea I wish to put in writing like this additionally ?taking time and precise effort to make a very good article?but what can I say?I procrastinate alot and certainly not seem to get something done.

  29. Usually I don’t read post on blogs, but I wish to say that this write-up very forced me to try and do so! Your writing style has been surprised me. Thanks, very nice post.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *